Sigura Bitcoin nkuko umengo noba mfise imyaka 5

Yanditswe na Nik Custodio2013/12/12open in new window

Nimba mutarashobora gushika ayamango gutahura icarico Bitcoinโ€ฆ

Mfise icamwa ca pome. Ndakiguhaye.

Ubu rero, urafise icamwa ca pome hama nanje, mfise ubusa.

Biroroshe, sivyo none ?

Turabire hagufi ivyabaye :

Icamwa canje ca pome nakiguhaye muminwe yawe.

Uraziko vyabaye. Naringaha. Waringaha, Wagikozeko.

Ntitwari dukeneye umuntu agira gatatu kugira adufashe irungikwa. Ntitwaridukeneye kubizanamwo marume Tommy ( N'umucamanza rurangiranwa) kugira yicarane natwe kuntebe y'ikiranda, hama yemezeko icamwa ca pome cavuye iwanje kija iwawe.

Icamwa ca pome n'icawe! Sinshobora kuguha ikindi camwa ca pome kuko ntaconkifise. Ntabushozi ndagifiseko. Icamwa ca pome cavuye mubushobozi bwanje bwose. Ubu urafise ubushobozi bwose kurico camwa ca pome. Urashobora kugiha umugenzi wawe ushatse, hama uyo mugenzi wawe akagiha umugenzi wiwe. Bikabandanya uko.

Rero nguko uko uguhanahana hagati yabantu biba bimeze. Ndibaza nicokimwe iyondaguhaye igitoke, igitabu, canke tuvuge icakane, canke inoti y'idorariโ€ฆ

Mpagarare gato.

Dusubire inyuma kuricacawa ca pome!

Ubu rero, tuvugeko mfise icamwa capome gikoreshwa n'inyabwonko. Raba, ndaguhaye pome yanje ikoreshwa na mudasobwa.

Ah! Uburero biratanguye kuryoha.

Nigute uziko iyo pome yanje ikoreshwa nyabwoko yahoze ariyiwanje gusa ubu isigaye ariyawe, yiwawe gusa? Vyiyunvire isegonda.

Biragoye gutahura, sivyo none ? Nigute uziko ntarungitse iyo pome kwa marume Tommy mugace kiyongera kubutumwa bwa imeyiri ubwambere ? Canke kwamugenzawe Joe ? Canke kumugenzi wanje Lisa kandi ?

Birashoboka konoba nagize ibisa nico camwa ca pome gikoreshwa nyabwonko kuri mudasobwa. Birashoboka konoba nayishize kurimudasobwa hama abantu bangana n'umuriyoni bakaba bayirahuye.

Nkuko mubibona, iryohanahanwa ryokuri nyabwonko riratera ingorane ntoyi. Kurungika ivyamwa vya pome vyokuri nyabwonko ntaho bisa bisaniye nokurungika ama pome asanzwe.

Abahinga bakoresha nyabwonko baratanze izina kuriyongorane. Nivyobita ingorane yokuriha kabiri.Ariko ntimuhagarikwe umutima nivyo. Ivyomutegezwa kumennya, N'uko ivyo vyabacanze igihe kinini hama ntibigeze babikosora.

Gushika ubu.

Ariko reka twiyumvire inyishu twebwe nyene.

Ibitabo vy'ukwuzuza.

Birashobokako ivyovyamwa vya pome vyoba bitegezwa gukwirikiranwa mugitabu c'ukwuzuzwa. N'igitabo aho ushobora gukwirikirana irungikwa n'iyakira - Igitabo c'ivyinjira n'ibisohoka.

Ico gitabo c'ukwuzuzwa, dusanzwe tuziko gishingiye kurinyabwonko, gitegezwa kuba mwisi yaco hama kikagira uwugikwirikirana.

Ibaze, dufate nko mwisi ya Warcraft. Blizzard, abantu bakoze imikino yokuri ngurukana bumenyi, bafise 'igitabo cokwuzuza kiri kurinyabwonko' kunkota zose zirimwo, kumiriro yakaka isanzwe iri mubuhinga bwayo. None, vyiza, Umuntu ameze nkabo ashobora gukwirikirana amapome yokuri nyabwonko yacu. Vyiza cane, twashoboye kubitorera inyishu ivyo!

Inyishu

Harimwo akagorane gato:

  1. Hobiki umuntu wo kwa Blizzard yozikora nyinshi cane ? Yokwongerako gusa ivyamwa vya pome bikoreshwa na nyabwonko kumitahe yiwe abishatse!

  2. Ntabwo bisa bisana nagato nomuri cagihe twarikuri yantebe yikiranda wamusi. Yarijewe nawewe gusa. Uciye kuri Blizzard, ninkuko woba ubizanyemwo marume Tommy ( Uyundi muntu) womuri gasamburamanza ( Noba navuzeko arumucamanza rurangiranwa ?) Kwirungikwa n'iyakira ryose ryabereye kuntebe y'ikiranda mugashamba. Gute noshobora kuguha bisanzwe pome yanje yokuri nyabwonko, nkuko, ubizi muburyo busanzwe ?

Hoba hariho uburyo bwogusubira gukora neza ryarungikwa n'iyakira kuntebeyo muri kagashamba, hagati yawe nanje, muburyo bwokuri nyabwonko ? Bisa nibimeze mkibigoye...

Inyishu

Wumva gute dutanze icogitabo c'ukwuzuzwa kuri bose ? Aho gufata icogitabo kikabikwa kurinyabwonko za Blizzard, Vyoba biri kuri mudasobwa zabose. Kwirungikwa n'iyakira ryose riba. mubihe vyose, icamwa ca pome cokuri mudasobwa kizokwandikwamwo.

Ntidushobora kwiba. Sinshobora kukurungikira ama pome ntafise, wanashima ivyo ntivyoshobora kwemezwa nabose icarimwe mubuhinga. Bwoba arubuhinga bugoye gukubita. Nacane cane n'ibubaye bunini.

Vyongeye ntibugenzugwa n'umuntu umwe, rero ndaziko atamuntu n'umwe yoshobora gufata vyoroshe ko agomba yihe ama pome yokuri mudasobwa. Amategeko y'ubuhinga yamaze gushigwaho imbere y'igihe. Hama amategeko araguruye kuva muntango. Aringaho kugira abantu baciye ubwenge baterere, bagumye, bakingire, bongereko kandi basuzume.

Murashobora guterera muruwo muryango, gushira kugihe igitabo c'ukwuzuzwa, hama ugasuzuma kovyose biri mumategeko. Nk'ikiguzi, urashoboa kuronka amapome yokuri nyabwonko angana na 25 nkikiguzi. Hanyuma, nibwo buryo bwonyene bwogukora ama pome yokurimudasobwa murubwobuhinga.

Napfunyapfunyije cane

โ€ฆ .... ariko ubuhinga nasiguye burabaho. Bwitwa urukwirikirane rwa Bitcoin. Hama ivyovyamwa vyokuri mudasobwa n'ama "bitcoins" murubwobuhinga. Biratangaje!

None, mwabonye ivyabaye ? Nibiki igitabu cokwuzuzwamwo nabose gifasha ?

  1. Vyuguruye kuva muntango, muravyibuka ? Igitigiri cose c'ama pome carashizweho mugitabo c'ukwuzuza kuva muntango. Ndazi igiharuru ntarengwa kihari. Mubuhinga, ndazi kozifise aho zigarukira (z'agaciro).

  2. Mugihe nagira ihanahanwa, ndazi ubu ko ipome yokuri nyabwonko yemejwe ikava muvyontunze hama ubu akaba ariyawe yose. Imbere, sinarigushora kuvuga ivyo kuvyerekeye ivyokuri nyabwonko. Ivyo vyoba vyashizwe kugihe hama bigasuzumwa n'igitabo c'ukwuzuzwa ca bose.

  3. Kugugira kibe igitabu cokuri mudasobwa cabose, sinarinkeneye marume Tommy (Uyundi muntu) kugira menye kontohavuye niba, canke kontarigukora izindi zisanayo ziwanje nyene, canke nkarungika amapome incuro zibiri, canke zitatuโ€ฆ

    Mubuhinga, ihanwahanwa ry'ipome yokurimudasobwa ubu imenze nk'ihanahanwa ryipome isanzwe. Uburero biratahuritse kubona ipome bisanzwe iva mumaboko yanje ikaja mumaboko yawe. Nikumwe kwokuntebe y'ikiranda mugashamba, ihanwahanwe ryatumye habamwo gusa abantu babiri, wewe nanje - ntitwaridukeneye marume Tommy kugira yemeze.

Muyandi majambo, vyitwara nkibikoresho.

Urazi igitangaje cane ? Nivyokuri mudasobwa. turashobora gukorera nokuma pome angana 1000, acanke umuriyoni 1 wamapome, canke wanashima amapome 0000001. ndashobora kuyarungika mfyonze gusa kuributo, kandi ndashobora kuzishira mumufuko wawe wokurimudasobwa nibereye muri Nikaragua hama ukaba wibereye i New York.

Ndashobora wanashima kurungika ibindi bintu kurinyabwonko kurizo pome zokuri nyabwonko ! Inyuma yavyose nivyokuri nyabwonko. Birashiko konshobora kwongerako inyandiko. Ivyandiko vyo kurinyabwonko. Canke nshobora kwongerako ibindi bintu vyagaciro; nkamasezerano, canke urupapuro rw'iyemezwa ry'imitahe, canke karangamuntu...

Rero, Biratangaje ! Gute twoshobora gusuzuma canke tugaha agaciro izi 'pome zokuri mudasobwa' ? Zirakenewe cane, sivyonone ?

Vyiza, abantu benshi barabiganira ubu. Hari uguharira hagati yiryoshure ry'ubutunzi hamwe n'iri. Hagati yabanye poritike. Hagati y'abahinga mugutunganya ivyamudasobwa. Ariko ntuzubumvirize bose. Abantu bamwe bamwe baraciye ubwenge. Abantu bamwe bafise amakuru atariyo. Abantu bamwe bavugako ubuhinga arubwagaciro cane, abandi ko atagacire nakamwe bufise. Abantu bamwe bamwe barashizeho igiharuru kizwi : Amadorari 1300 kuri pome imwe. abantu bamwe bamwe baravugako arinzahabu zokuri mudasobwa, abandi ko ari amafaranga. Abandi kandi baravugako bifise agacire nkumuyaga gusa. abantu bamwe bamwe baravugako ivyo bizohindura isi, abandi ko aribihita gusa.

Ndafise iciyumviro canje kuvyerekeye ivyo.

Niyindinkuru y'ikindigihe. Ariko, muntu wanje, gushika ubu urazi vyinshi cane kuri Bitcoin gusumba abandi bantu benshi.

โ€œNtutahura Bitcoin icarico kubera wibazako amafaranga arayukuri.โ€open in new window by Maria Bustillosopen in new window Igisomwa gikwirikia ciza cogusoma.

Murashobora gusoma vyinshi kuvyerekeye Ethereum hamwe namasezrano aciye ubwenge hanoopen in new window. Enjoy!


Supporters
HRF