Bitcoin ni nko kwinonora
by @thebitcoinrabbi 2021/01/13open in new window
Kenshi na kenshi nasiguye uko #bitcoin ikora kandi ikegerezwa abanyagihugu murwego rwimikino. jewe mbona bifasha gusubiza vyinshi mubibazo bisanzwe
Ikibazo: Ninde yatanguje umupira wa baseball?
Inyishu: Muvyukuri ntaco bitwaye. Umuntu wese kw'isi arashobora kuwukina. Ntacyo bitwaye ko uwawutanguje ubwambere ashaka guhindura amategeko canke uko amanoto atangwa canke ikindi kintu cose. Ntabwo turajwe ishinga nivyo yiyumvira kumikino yacu.
Ikibazo: Ninde ajejwe uwo mukino?
Inyishu: Ntamuntu awujejwe, twese twahisemwo gukina. Twese turabizi kandi dushire mubikorwa amategeko, kandi nihagira umuntu yiba, kuko aca birukanwa mumikino. Nimba umuntu yihaye amanota atatsindi tuca tuyirengagiza.
Ikibazo: N'iki kitumenyesha ko amategeko atazohinduka?
Inyishu: Twese twaravyemeye mugihe twatanguye gukina, kandi uwushaka kubandanya gukina na mategeko azakomeza, kandi nihagira ushaka guhindura, azosabwa gukinira ahandi.
Ikibazo: Ntishobora kwibwa?
Inyishu: Ibintu byose biragaragara kumugaragaro. Twese dushobora kubona ikibuga cose hamwe n amanota yose. Nimba umuntu yivye, twese turashobora kubibona tukanamubwira ko yananiwe
Ikibazo: Kubera iki ifise agaciro?
Inyishu: Twese twahisemo gukina, birafise ikintu bitumariye . Nimba umuntu ashaka kwinjiramwo, asabwa kwemeza ingingo zacu nagaciro.
Ndayiha agaciro, kuko ifise agaciro. Agaciro ni ikintu gifatika
Ikibazo: Ntibizo hagarikwa?
Inyishu: Birashoboka, ariko iyo abantu bamwe bariko barakinisha inkoni n'umupira, ntibagire uwo babaza , leta rero irashobora kukubuza kuyikina, ariko ntibashobora guhagarika iciyumviro co gukubita umupiran'inkoni, umukino uzobandanirizwa ahandi ahantu.
Ikibazo: Ndakwiye kwinjiramo?
Inyishu: Kora ico wiyumvamwo. Jewe ndakunda gukina baseball, ushobora kwinjiramo canke ushobora HFSP.