Bitcoin ni nka

Yanditswe na Oleg Andreev 2017/12/10open in new window

Bitcoin irasa namafaranga asanzwe: Ushobora guhindura iyumazze kurungika, kandi niwewe ujeje kwiziganiriza. Bishitse ugatakaza ingodo, uba utakaje amahera yawe. Urashobora guha ama Bitcoin umuntu akayakubikira, ariko bisa nuko woba uyahaye ibanki kanaka: Utegezwa kubagirira icizere ko batazotwara amahera yawe.

Bitcoin itandukanye n'amafaranga asanzwe : Ushobora kubika menshi ushaka kandi ntabwo izogutwara ikibanza. Ushobora kuyarungika uciye mubuhinga ngurukana bumenyi kumuntu ushatse wese. Ntibikunda koyiganwa. Ntushobora kuyitanga mw'isegonda. Kugira wizere kw'irungikwa ryabaye, utegezwa kurindira iminota 10 canke 15 kugira ivyemeza vyubuhinga hwaniro bitangwe .

Bitcoin irasa n'inzahabu : Ntabwo ikogwa ukwo bibavyipfujwe, hariho igitigiri ntarengwa ca Bitcoin kandi icogitigiri kiragabuye mukiringo c'igihe n'umwanya (cane cane mumwanya). Kugira uronke Bitcoin, umuntu ategezwa kuyiguha canke ukayicukura. Kurya kw'inzahabu Bitcoin irikaka: Irakwega abantu bivanye n'ubuhinga bwayo bwiza, uburyo iteguwemwo bw'amasezerano arimwo, ikwegakwega ryizewe ryayo, hamwe namasezerano y'ubwigenge bw'ukwibohora igitsure.

Bitcoin itandukanye n'inzahabu : Uburyo bwokuronka Bitcoin buca mugucukura honyene kandi biteguwe neza vyose (Kwisaha hari igitigiri ntarengwa cama Bitcoin akogwa). Muba mufise icizere ko atamuntu yiyadukiza agatora izonzahabu za Bitcoin ( Bitgold) canke akazicukura mubibuye vyo mukirere. Bitandukanye n'inzahabu, ikibazo ca Bitcoin n'uko itegekanijwe n'inguvu z'ugucukugwa bifise igihe kanaka. Mushobora gucukura ubutare bwose mumusi umwe, ariko ivyo ntabwo vyokunda kuri Bitcoin, Ukwo inyabwonko zogenda kumuvuduko umeze kwose. Iduga ry'inguvu ry'ugucukura zituma gusa ikirangamisi cikwega (Ihwaniro rituma intambamyi zituma hakogwa ibihome 6 kwisaha, ariko iyo iryohwaniro rihadahagaze kuduga, irashobora gukora ibikuta 7 canke 8).

Bitcoin irasa n'ibanki : Hari inyabwonko, ubushinguzi bw'ivyandiko hamwe n'ukurungika n'ukwakira. Ubushinguzi bw'ivyandiko bubika akahise kose hamwe n'irihwa ry'ivyinjira n'ibisohoka: Inde arungika angahe kwande. Vyose ningurukana bumenyi. ntabwo hari ibisandugu vyogushingura ubwobutare canke udusandugu twogushingura twa burimuntu, Ikihari gusa n'inyandiko z'ubutunzi "mugitabu" kimwe.

Bitcoin itandukanye n'ibanki : Burimuntu wese ashobora kwihweza ko ubushinguzi bw'inyandiko ziweko mubitabo burimwo inyandiko z'ibiharuro ko bisa n'izabandi. Ntabashinguzi bajejwe ibitabo kubishira kumwanya canke basuzumeko vyanditse nabi. Umuntu wariwe wese arashobora kugira ubushinguzi ashatse kandi ubushinguzi bwiwe ntibumenyekane (Kiretse iyo ashatse kwerekana ibimuranga wenyene ). Igitabo ntabwo kibika amazina, kibika amahera hamwe n'ibiharuro biranga ikonti. Ntaburyo nabumwe bw' "ukugabagura ubushinguzi" nk'uko iBanki itanga ingurane y'amahera idafise vy'ukuri. Mubisanzwe ntamadeni mugitabo ca Bitcoin: Mushobora kuba mufise amahera kuri konti yanyu kandi n'iyawewe wenyene, canke ntayomufise kandi ntayomushobora gukoresha. Iciyongeyeko n'uko Bitcoin ishobora kwugurura amahera "n'imasezerano". Ubufindo bw'ubuhinga nyegezwa bwakozwe kugira bugabure ifatwa ry'ingigo hagati y'abantu benshi canke y'igihe.

Bitcoin igereranywa n'amahera y'iharije ubwigenge : Ibingorongoro n'inkikarata zitaboneka zitaba zifise agaciro gatangwa bivyanye n'uko vyipfuzwa na kanaka. Abantu bayiha agaciro kubera baba bipfuje gukina agakino. Mubisanzwe, ivyonyene nikwo kuri kunzahabu canke kuyandi mahera yose.

Bitcoin itandukanye n'amafara yiharije ubwigenge : Hari ugutanga ikarata bifise ahobigarukira kandi ntamuntu yoshobora kubigira bitandukanye. Ivyo biyituma iba umwizerwa nk'igikoresho kizwi isiyose, nk'ibiceri vy'inzahabu canke vy'ifeza

Bitcoin igereranya na Git : Muri Git (Ubuhinga bwokugenzura uburyo bugabaguye), Ihindagurika ryose mukora riteguriwe murukwirikirane rukingiwe n'ubuhinga. Mugiriye icizere ico bita "hachage" yanyuma, mushobora kuronka amakuru yose aheruka (canke ikindi gice cose civyo) mwifashishije isoko iryariryo ryose mugasuzuma kobihuye n'ivyo mwari mwiteze. Nicokimwe, muri Bitcoin,Ukurungika n'ukwakira vyose biteguriwe muruhererekane (Blockchain) kandi iyo yemewe, aho iba ibitse hose, mushobora kuyigirira icizere mugusuzuma uruhererekane rwa hachage rufatanye na hachage mwizera. Ivyobituma mubisanzwe ugushingura bigabaguye n'ugusuzuma vyose vyoroha.

Bitcoin iratandukanye na Bit : Mugihe abantu bose bihambiira gukorera kw'ishami rimwe. Muri Git, burimuntu ashobora kugira amashami menshi, hama akayagabura kandi akahuza umusi wose. Muri Bitcoin, ntushobora guhuza canke ukagabura. Uruhererekane rw'amapfundo (Blockchain) n'igiti cakahise c'ukwakira n'ukurungika, ariko hari burigihe ishami rikuru (ifise agaciro) hamwe n'udushami duto tw'ivyaduka (dufise uburebure bw'igikuta kimwe canke bibiri tubaye twinshi) tudafise agaciro nagato. muri Git, Ibirimwo nivyo bifita akamaro gusumba amashami. Muri Bitcoin ingingo ifashwe nabose ifise akamaro gusumba ibirimwo.

Bitcoin irasa na Bittorrent(Uburyo bwo gusangira ivyandikiko kuri ngurukanabumenyi) : Uruhererekane rwose ntirufise aho rutwarirwa nahamwe, nta "faranga " rimwe canke "ibanki" imwe. Blockchain n'inkihuriro ry'inyandiko irikuri Bittorrent : yanditse neza muburyo bw'ibanga ikaba igabuwe kuri za nyabwonko nyinshi. Burimuntu wese harimwo n'abacukura, bakorera kurugezo rumwe. Iyo agace gato k'uruhererekane gahungabanye, ukurungika n'ukwakira bishobora guca kurundi ruhande. Naho uruhererekane rwose rwogira akabazo, amakuru, irungikwa n'iyakira biba burigihe bibitswe kuriza nyabwonko nyinshi zigenga kandi ntamahera y'umuntu n'umwe atakara. Iyo abantu basubiye kwinjira, bashobora kubandanya barungika ihanahana nkuko atanicabaye. Haba kuri Bitcoin canke Bittorrent zishobora gusimbuka n'ingwano y'ibigwanisho rutura kunko amakuru ntabwo ashobora gutikizwa ariko ashobora gusubira kubonaka ukundi gushasha mumutekano ntangere.

Bitcoin itandukanye na Bittorrent : ahokuba ivyandiko birihamwe vyigenga, hari ugwandiko rumwe rukura buri gihe: Blockchain. Iciyongeyeko, n'uko abakozi bakenewe cane, abacukuzi bose bahembwa kubikorwa vyabo mumahera nyayo.

Bitcoin n'ink'ubwigenge bwoguserura iciyumviro : Buri kurungika canke kwakira ni nkubutumwa bwaburi wese bushobora gushikirizwa mukibanza carico cose canke ahariho hose. Nimba abacukuzi bamwe bamwe bavyumvise, ubwobutumwa barabwongera kuri blockchain hama bukaguma igihe cose muri kahise. Burimuntu azobubona kandi ntamuntu yoshobora kubufuta.

Bitcoin itandukanye n'ubwigenge bw'uguserura iciyumviro : kuvuga ikintu kanaka bifise igiciro. Ukurungika n'ukwakira vyunguruza ibiceri mwarigutegezwa kuba mufise mbere na mbere. ukonyene, ariko si buri kijiju cose kuvu urwamo, ariko gusa kubaba babikwiye kwakira ibiceri . Iciyongeyeko, abacukuzi barashobora kwanka irungikwa canke iyakira, iyo ridakwije amategeko canke idakwije amahera irihirwa. Bisigura katanumwe aha uwundi Ubwigenge "Ukutariha", ariko bose bagerageza gukorana bifatiye kubukorerabushake.

Bitcoin n'inkamasezerano y'ikibano : Ifise kamere y'imico yujuje. Ikora nk'amafaranga mugihe abantu bayifata gutyo kandi ikagira n'inkomezi zokuyigumana nogukwirikiza amategeko. Ubuhinga ngurukanabumenyi burakenewe gusa mugihe haba hakenewe ivyemeza vyayo masezerano.

Bitcoin itandukanye namasezrano y'ikibano : S'ubwoko bwamasezerano yigishwa kwishure. Ntabwo ahindagurika kandi ntabwo ashingwa n'abatware. n'amategeko arihamwe adahinduka nagato burimuntu wese ahitamwo gukoresha kuriwenyene, akongerwa kumahitamwo afatirwa hamwe naburiwese.

Bitcoin nink'amareba kubuhinga ngurukana bumenyi : Iroroshe cane.


Supporters
HRF