Ni gute tuzoshika imiriyaridi 7,753 yabantu bari kwisi mumuryango w'umuravyo(Lightning)?
Yanditswe na John Cantrell 2022/01/05open in new window
Narakoze ibiharuro, ndaba ukuntu twoshobora gushira mumuryango w'umuravyo abantu bose bari kuri ino si, n'umwanya ungana gute ivyo vyotwara, ni ivyo dushobora gukora kugire dutume bitangura.
Kugira winjire umuryango w'umuravyo, utegerezwa kurungika ama Bitcoins mw'irungika n'iyakira rya 2 kuri 2 hamwe n'umufasha wawe womumuryango. Kugira wongereze bishoboka icokibanza c'irungikwa n'iyakira, dushaka uwinjira umwe asanzwe ariwenyene hamwe nuwusohoka mwihanahana ry'imtahe mumuryango. Ivyo bituma haba irungikwa niyakira ryababa ama vbytes 121.
Iyaba ibice 100 vy'irungikwa n'iyakira murukuta vyobaye ari irungikwa n'iyakira vyokwugurura umuryango, dushobora gushiraho abantu bababa 8 264 kuriwa muravyo kurukuta. Hamwe nabantu bo kuri ino si bangana na 7,753, hazoba hakenewe n'imiburibiri ibikuta 938,166 canke imyaka 17,8 kugira bose kwisi baje kuri uwomuryango.
Twoba dushobora gukora ibirenze aho ? Dufise amahirwe, turafise ayandi mahitamwo amwe amwe. Amahitamwo ashoboka kuva uno munsi nigukoresha ishirwahamwe ! Ishirwahamwe bisigurako dushobora kwugurura umuhora urenze umwe kwirungikwa nokwiyakira rimwe. Ivyobisigura ko burimuhora urenzeko ushobora guserukirwa n'iyindi sohoka mwirungikwa n'iyakira ry'imitahe.
Isohoka ryose ryiyongerako ritwara aba vbytes yababa 32. Hamwe nishirwahamwe, ugucagura kwiza nukwuzuza urukuta hamwe n'irihwa n'iyakira 1 rimwo iyinjizwa 1 hamwe n'amasohorwa kanaka ashoboka. hamwe nama vbytes 32 kuriburi sohoka, ivyobisigura kotwoshora kwugurura imihora ingana 31 247 kuriburi rukuta.
Ishirwahamwe riduha inyongera ingana nincuro 3,78 hama ikagabanya umwanya usabwa kugira hajemwo isi yose kumyaka ingana gusa 4,7. Ntibiteye ubwoba, ariko ivyo bifatako dushobora gukoresha ibice 100 vyikibaza cibikuta vyababa imyaka 5. Muvyukuri, ivyobizokorwa bukebuke mukiringo kirekire cane. Twoshobora gukora birenze aho ?
Birabonekako twobishobora, ariko (ntivyoroshe) unomusi. Iyongerwa rikwirikira ryotuma hitabwaho abantu barenga babiri hama nogukoresha ugushirahamwe imikono kugira hashobore gufatwa isohorwa ritoyi. Umuhora urimwo imiceyose ukoresha 2 kuri 2 ukoreshwa wagutse -N kuri -N.
Mumajambo, iyo N ishobora kuba 10, 100, wanashima 1000. Hamwe nabantu 10 kumuhora, turashobora gushiramwo abantu 312 470 kurukuta hama isiyose mumisi 172 gusa. Noneko ishirwahamwe ryaduhaye iyongerwako muvyerekeye ubushobozi bwumuhora ukoresha imice minshi bidutuma dushobora kwongera bivanye nurutonde rw'uburere.
Mumajambo, ishobora kuba yokwuba kuva unomusi atakintu nakimwe gihindutse kuri Bitcoin, ariko ivyo vyosaba inguvu nyinshi zubuhinga zishizwe hamwe bivanye n'ukudusobanuka kw'ubuhinga bwuguhanahana ubuhinga bw'umuravyo. Irungikwa n'iyakira kurukwirikirane ryamategeko ya Eltoo bugabanura biboneka gushira mubikorwa vyumuhora ukoresha imice myinshi.
Rero, twoshobora gushira abantu bose mubuhinga bw'umuravyo mukanya gato ? Birasankuko inyishuko ari ego, ukobirikwose turabishikako. None abantu bose kwisi bazoshaka kuja muri ubwo buhinga bw'umuravyo kandi bakazokenera iyabo canke imihorayabo yabo ? Ntivyizewe, ariko ndizera vyukuri kari ego!