NDIKO MBANDANYA KUBIKA

Yanditswe na GameKyuubi itariki ya 2013/12/18open in new window

Nanditse uwo mutwe w'igisomwa incuro zibiri kuko nari nzi ko atariwo ubwa mbere. Kandi n'ubu wanditse siwo. Ariko nta kibazo.

Umukunzi wanje yasohokeye mu kabare kโ€™abakobwa bakundana bahuje ibitsina, Bitcoin iriko irakoroka KUBERIKI NONE NGUMA NDAZIBITSE? REKA NDAKUBWIRE IGITUMA.

Nโ€™uko ndi umudandaza mubi, kandi NDABIZI KO NDI UMUDANDAZA MUBI. Erega mwebwe abadandaza beza murashobora kubona igihe igiciro kiduga hejuru n'igihe kimanuka pit pat piffy wing wong wang mukaronka imiriyoni zโ€™amadolari, nta kibazo, mugenzi.

Abafise imitima idakomeye bo bagira bati: ยซ OYA BIMANUTSE, NTEGEREZWA KUGURISHA ยป hihihiโ€ฆ hanyuma bakagira bati: ยซ KARABAYE MANA YANJE ยป ni mu gihe abdandaza Bโ€™INKEREBUTSI bazi neza IVYO BARIKO BARAKORA baba bariko baragira muri uwo mwanya nyene. Ariko uzi iki? Jewe sindi mu mugwi wabo. Igihe abo badandaza basubira kugura, jewe mba namaze kuba mu masoko, ni ukuvuga ngo NI BANDE MUHENDA, iyo hageze ko mugura? SI JEWE!

Abo bandika bavuga ngo: ยซ OOH WARI UKWIYE KUGURISHA ยป EGO, NTACO MUBA MUBESHE. EGO NARI NKWIYE KUGURISHA. NARI NKWIYE KUGURISHA IMBERE Yโ€™UKO ISOKO RISUBIRA HASI no kugura IMBERE Yโ€™UKO RISUBIRA HEJURU, ARIKO UZI IKI? SIKO BOSE BAKOZE NKโ€™UKO WE UKORA.

Ugurisha gusa mu gihe isoko riri mu kugwa (bear market) nimba uri umudandaza wโ€™umuhinga wโ€™amatungo yโ€™isoko rya buri munsi (day trader) canke uri umunyeshure atazi ico ariko arakora. Abo hagati yโ€™abo bose barabika (barafata).

Mu gakino nkโ€™aka hatagira uwo usigarana inyungu (zero-sum game), abadandaza bashobora kukwaka amafaranga gusaย iyoย ugurishije.


Supporters
HRF