NDIKO MBANDANYA KUBIKA
Yanditswe na GameKyuubi itariki ya 2013/12/18open in new window
Nanditse uwo mutwe w'igisomwa incuro zibiri kuko nari nzi ko atariwo ubwa mbere. Kandi n'ubu wanditse siwo. Ariko nta kibazo.
Umukunzi wanje yasohokeye mu kabare kโabakobwa bakundana bahuje ibitsina, Bitcoin iriko irakoroka KUBERIKI NONE NGUMA NDAZIBITSE? REKA NDAKUBWIRE IGITUMA.
Nโuko ndi umudandaza mubi, kandi NDABIZI KO NDI UMUDANDAZA MUBI. Erega mwebwe abadandaza beza murashobora kubona igihe igiciro kiduga hejuru n'igihe kimanuka pit pat piffy wing wong wang mukaronka imiriyoni zโamadolari, nta kibazo, mugenzi.
Abafise imitima idakomeye bo bagira bati: ยซ OYA BIMANUTSE, NTEGEREZWA KUGURISHA ยป hihihiโฆ hanyuma bakagira bati: ยซ KARABAYE MANA YANJE ยป ni mu gihe abdandaza BโINKEREBUTSI bazi neza IVYO BARIKO BARAKORA baba bariko baragira muri uwo mwanya nyene. Ariko uzi iki? Jewe sindi mu mugwi wabo. Igihe abo badandaza basubira kugura, jewe mba namaze kuba mu masoko, ni ukuvuga ngo NI BANDE MUHENDA, iyo hageze ko mugura? SI JEWE!
Abo bandika bavuga ngo: ยซ OOH WARI UKWIYE KUGURISHA ยป EGO, NTACO MUBA MUBESHE. EGO NARI NKWIYE KUGURISHA. NARI NKWIYE KUGURISHA IMBERE YโUKO ISOKO RISUBIRA HASI no kugura IMBERE YโUKO RISUBIRA HEJURU, ARIKO UZI IKI? SIKO BOSE BAKOZE NKโUKO WE UKORA.
Ugurisha gusa mu gihe isoko riri mu kugwa (bear market) nimba uri umudandaza wโumuhinga wโamatungo yโisoko rya buri munsi (day trader) canke uri umunyeshure atazi ico ariko arakora. Abo hagati yโabo bose barabika (barafata).
Mu gakino nkโaka hatagira uwo usigarana inyungu (zero-sum game), abadandaza bashobora kukwaka amafaranga gusaย iyoย ugurishije.