Bitcoin v0.1 isabikanijwe

Yanditswa na Satoshi Nakamoto 2009/01/09open in new window

-Itangazwa ry'umuce wambere wa Bitcoin, ubuhinga bushasha bw'amafaranga

-bwokuri ngurukana bumenyi akoresha umuryago urikubuhinga bwababiri kugira wirinde ukuriha kabiri.

-Irasabikanijwe cane ataco ashingiweko canke ataho atwarirwa.

Suzuma kuri bitcoin.org kubwama sanamu afashwe n'ikiyo camudasobwa.

Rahura uno muhora: http://downloads.sourceforge.net/bitcoin/bitcoin-0.1.0.rar

Kubuhinga bukoresho Windows gusa ubu. Vyuguruye kuvamuntango biciye muri code ya C++.

  • Guhitamwo ibipapuro by'isuzumwa.
  • Run BITCOIN.EXE
  • Yiyunga vuba cane kuyandi mapfundo

Nimba ushobora kugumana amapfundo yemera ihuzwa rivuye hanze y'ubuhinga, muba mufashije vyukuri umuryango. Ikivuko 8333 c'umutekano gitegerezwa kuba citeguriye kwakira ihuzwa rivuye hanze y'ubuhinga.

Mudasobwa iracari mugihe cambere kandi c'igeragezwa. Ntacemezwa na kimwe ko uko ubuhinga butegerezwa gusubira kwatswa kugihe kanaka iyo bikenewe, nkuko nakoze ivyonshoye vyose kugira nshiremwo ishikanwa kure hamwe n'imbono.

Urashobora kuronka ibingorongoro mugusaba umuntu akurungikire, canke mukwatsa Options->Gutanga ibingorongoro kugira utange ipfundo hama ugatanga ibikuta. Naratume ibigoye vy'iyemezwa ry'igikorwa vyoroshwa cane mugutangura, rero mugihe kanaka canke muntango, inyabwonko yariyo yose irashobora gutanga ibingorongoro mumasaha makeyi gusa. Bizogorana cane nihaza abandi babikora bizogoza ingorane z'ugusabikanya. Ibingorongoro vyakozwe bitegezwa gushika kubikuta 120 kugira bikomere imbere y'uko bizokoreshwa.

Hari uburyo bubiri bwokurungika amafaranga. Iyo uwo agenewe ari kumurongo, murashobora kwinjiza ibimuranga hama bikinjiramwo, bikaronka urupfunguruzo rushasha rwabose hama bikarungika irihwa n'iyakira hariko n'amajambo asigura. Iyo uwo yagenewe atari kumurongo, birashoboka kurungika kubimuranga vya Bitcoin, ari ihurizwa hamwe ry'ipfunguruzo zabose babaha. Azoronka irungikwa canke iyakirwa ikindigihe azoba asubiye kuja kumurongo hama aronke urukuta asanzwe arimwo. Ubwoburyo bufise ingarukambi zokutarungika amakuru canke ubutumwa busigura, hama icizere gito kikaba gitakaye iyo ibibiranga bikoreshejwe incuro nyinshi, ariko nubundi buryo bukenewe iyo abobabiri babikoresha batari kumurongo igihe kimwe canke iyo uwo bigenewe adashobora kuronka ihuzwa rivuye hanze.

Ibizunguruka vyose bizoba 21 000 000 vy'ibingorongoro. bizosabikanywa biciye kumapfundo y'umuryango iyo bishizwehamwe bigakora urukuta, igitigiri kikagabanurwamwo kabiri burimyaka 4.

Imyaka 4 yambere : ibingorongoro 10,500,000. Iyindi myaka 4 : Ibingorongoro 5,250,000 Iyindi myaka 4 : Ibingorongoro 2,625,000 Iyindi myaka 4 : Ibingorongoro 1,312,500 Bibandanya ukoโ€ฆ

Niyo ivyobizoba vyarangiye, ubuhinga buzoshobora gukoresha amafaranga y'irungikwa n'iyakira mugihe bikenewe. Ivyo bifatiye kwihiganwa ryokwisoko yuguruye, kandi hazoba hariho ukwobiri kwose amapfundo ashoboraa gusuzuma irihwo nirihishwa kubuntu.

Satoshi Nakamoto


Urutonde rw'irungikwa ry'uhinga bw'ukunyegeza. Mumanze mwikurureko mukurungika " unsubscribe cryptography(Kwikurako kubuhinga bw'ukunyegezwa)" kwa majord...@metzdowd.com


Supporters
HRF