Inyishu: Bitcoin v0.1 isabikanijwe
Yanditswe na Hal Finney 2009/01/11open in new window
Satoshi Nakamoto yanditse:
Itangazwa ry'umuce wambere wa Bitcoin Ubuhinga bushasha bw'amafaranga bwokuri ngurukana bumenyi akoresha umuryago uri ku buhinga bwababiri kugira wirinde ukuriha kabiri. Irasabikanijwe cane ataco ashingiweko canke ataho atwarirwa.
Suzuma kuri bitcoin.org kubwama sanamu afashwe n'ikiyo camudasobwa.
Rahura uno muhora: http://downloads.sourceforge.net/bitcoin/bitcoin-0.1.0.rar
Akezwe Satoshi kurino ntambwe yambere (alpha). Numva nipfuza cane kuyigerageza.
Ibizunguruka vyose bizoba 21,000,000 vy'ibingorongoro. Bizosabikanywa biciye kumapfundo y'umuryango iyo bishizwehamwe bigakora urukuta, igitigiri kikagabanurwamwo kabiri. burimyaka 4.
Imyaka 4 yambere: 10,500,000 myaka 4: 5,250,000 Iyindi myaka 4: 2,625,000
Iyindi myaka 4: 1,312,500
Bibandanya uko...
N'ivyakamaro ko ububuhinga bushobora gukorwa kuburyo hashobora kwemezwa gusa igitigiri ntarengwa c'ibingorongoro bishobora gushirwa hanze. Ndibazako iciyumviro aruko igitigiri c'ibikorwa bikenewe kugira bishire ahabona ibingorongoro bishasha bizotera bigenda giragorana uko ibihe vyiyongera.
Ingorane yihuta kuriburi bwoko bw'amafaranga nigute yahabwa agaciro. Nomukwihoza ingorane yuko mu bisanzwe ata muntu ayemera mu ntango, hariho burigihe ingorane yogutorera insigro itahuritse kuvyerekeye agaciro katangana n'ubusa nacane cane kubingorongoro.
Nk'ukugerageza kwo mu vyiyumviro bitwenza, iyumvireko Bitcoin yakunze kandi igacika ubuhinga bwo kuriha bukwiye isiyose. Muri ico gihe, agaciro k'amahera kose gategerezwa kuba kangana n'agaciro kari kuri ino si tubayeko. Ibiharuro ngereranyo vy'ubutunzi bwose hamwe bw'imiryango mwisi natoye buri hagati y'imiriyaridi 100 0000 hamwe n'imiriyaridi 300 000 y'amadorari. Hamwe nibingorongoro imiriyoni 20, ivyo bizotanga agaciro kuri buri kingorongoro kababa imiriyoni 10 y'amadorari.
Amahirwe yogusohora ibiceri ubu, mumwanya muto cane bishobora guharurwa neza cane, hamwe n'inyungu yababa imiriyoni 100 kumwaka ! Ariko amahirwe yuko Bitcoin yemezwa gushika kururwo rugezo nimake, yoba vy'ukuri ari imiriyoni 100 kuri imwe ? Nibintu vyogusuzuma...
Hal
Urutonde rw'irungikwa ry'uhinga bw'ukunyegeza. Mubanze mwikurureko mukurungika " unsubscribe cryptography(Kwikurako kubuhinga bw'ukunyegezwa)" kwa majord...@metzdowd.com